Ubwiyongere bw’Amafaranga yo gutunga Umuryango w’Umukuru w’Igihugu Buteye Amakenga mu gihugu c’u Burundi
Mu nteguro y’amafranga leta izokoreshwa uno mwaka mu Burundi, hafashwe ingingo yo kongera amafaranga yo kubungabunga umuryango w’umukuru w’igihugu (Intendance présidentielle) ku rugero rudasanzwe. Aya mafaranga yavuye kuri miliyoni 354 agera kuri miliyoni 720, ikintu kidasanzwe.
Kw’igenekerezo(inteko) rya 13 Kamena 2024, umushingamateka(depite) Agathon Rwasa yabajije impamvu ayo mafaranga yongerejwe ku rugero runini bene aka kageni kandi Umukuru w’igihugu ahora avuga ko ata ngorane afise mu bijanye no gufungura, yemeza ko afise ibigega vyuzuye ibifungurwa. Ariko, biratangaje kubona amafaranga yo kubungabunga umuryango wiwe yongerewe mu gihe bizwi neza ko Abarundi benshi babayeho mu buzima bubi kandi ata cizere gihari co kuva muri ubwo buzima bubi.
Agathon Rwasa yerekanye amakenga(impungenge) akomeye ku bijanye n’amatagisi(imisoro) yiyongereye cane ku bintu vy’ibanze. Rwasa abona ko ayo matohoza y’amategisi(kwiyongera kw’imisoro) azotuma ubuzima burushiriza kuremerera umunyagihugu, kandi akamaramaza kubona amafaranga y’igihugu yongerejwe mu bintu byo gufasha abishoboye.
Mukwishura iki kibazo(Mu gusubiza iki kibazo), Audace NIYONZIMA, umushikiranganji w’ubutunzi (Finances), yavuze ko ataco yokongerako ku bisigura impamvu ayo mafaranga yongerejwe, ashimangira ko vyashingiye ku bisabwa n’abajejwe intendance présidentielle. (yavuze ko ntacyo yakongeraho kubyo kuba ayo mafaranga yo gufasha umuryango w’umukuru w’igihugu yiyongereye kuko nawe yakurikije ibyasabwe na prezidance).
Ivyo bibaye mu gihe ubuzima buguma buzimba mu gihugu c’Uburundi, ibiciro vy’ibintu vya nkenerwa mu masoko bikaguma biduga ku rugero rudasanzwe. Ni mu gihe kandi umukuru w’igihugu avuga ko abarundi badakenye kandi badashonje. Biratangaje kubona umukuru w’igihugu yongereza amafaranga akoresha mu buzima bwiwe kandi yemeza ko ubuzima butazimvye mu gihugu.
Mu gusozera, bigaragara ko hari ugutanvikana gukomeye hagati y’ukuri kuboneka mu masoko n’ukuvugwa n’abategetsi. Hariho inyungu zikomeye z’umuryango w’umukuru w’igihugu ziboneka ko zirushirije kwitabwaho, mu gihe umunyagihugu asabwa kwikora ku mashuri kugira aronke ivyo akeneye vy’ibanze. Birakwiye ko abashingamateka n’abandi bategetsi b’igihugu bashira imbere inyungu z’abanyagihugu, kuko ari bo soko y’ubutunzi bw’igihugu.